Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko hoba hari bamwe mu bagumyabanga ba CNDD-FDD basigaye bamwipfuriza urupfu kubera amaze imisi ashira ahabona amanyanga bakora haba muvy-ubutungane canke mu bijanye no kurya ibiturire. Perezida Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa kane mu masengesho arangiza ukwezi kw-icenda yama yatunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD.
ˮHariho ibikorwa vyishi uburongozi bw-igihugu buriko burakora. uvuze ngo turwanye igiturire, hariho abantu baca barira Kabisa! Jewe ndakwirikira, None simwe mubimbwira aho barakubwira bati hariho abantu bafitiye umujinya umukuru w-igihugu basigaye basenga bati ntiyopfuma apfa akatuvako, bariho! Kera baca bavuga ngo ni abakeba ariko benshi ubu ni abagumyabanga‟ Niko Varisito Ndayishimiye avuga yidoga.
Perezida Ndayishimiye yasubiye kuvuga ko hari abacamanza baca imanza iza ngondagonde: Umukuru w-igihugu c-uburundi ati : ˮ Ndakubwiye ubu abantu bafise ikirungurira ku mutima ni abacamanza kuko twabaseseye agatabi , iyumvira kuba uboshwe n-icaha co kurenganya mu guca iza ngondagonde bavuze ngo ca izigororotse uwo muntu akumva abwiwe nabi baca bagenda baravuga ngo uwo mugesera‟