Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsPerezida Ndayishimiye avuga ko hari bamwe mu ba CNDD-FDD boba basigaye bamwipfuriza...

Perezida Ndayishimiye avuga ko hari bamwe mu ba CNDD-FDD boba basigaye bamwipfuriza ko yopfa.

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko hoba hari bamwe mu bagumyabanga ba CNDD-FDD basigaye bamwipfuriza urupfu kubera amaze imisi ashira ahabona amanyanga bakora haba muvy-ubutungane canke mu bijanye no kurya ibiturire. Perezida Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa kane mu masengesho arangiza ukwezi kw-icenda yama yatunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD.Image

ˮHariho ibikorwa vyishi uburongozi bw-igihugu buriko burakora. uvuze ngo turwanye igiturire, hariho abantu baca barira Kabisa!   Jewe ndakwirikira, None simwe mubimbwira aho barakubwira bati hariho abantu bafitiye umujinya umukuru w-igihugu basigaye basenga bati ntiyopfuma apfa akatuvako, bariho! Kera baca bavuga ngo ni abakeba  ariko benshi ubu ni abagumyabanga‟ Niko Varisito Ndayishimiye avuga yidoga.

Perezida Ndayishimiye yasubiye kuvuga ko hari abacamanza baca imanza iza ngondagonde: Umukuru w-igihugu c-uburundi ati : ˮ  Ndakubwiye ubu abantu bafise ikirungurira ku mutima ni abacamanza kuko twabaseseye agatabi  , iyumvira kuba uboshwe n-icaha co kurenganya  mu guca iza ngondagonde bavuze ngo ca izigororotse uwo muntu akumva abwiwe nabi baca bagenda baravuga ngo uwo mugesera‟

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...