Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye atangaza ko ariko yitegura kugira amahera yose yanyegejwe mu mazu n’abantu ahinduke ibipapuro.Varisito Ndayishimiye avuga kandi ko iyindi nyishu yo kuzamura ubutunzi bw’igihugu ari ugusaka ayo mafaranga y’igihugu akayagaruza. Akaba yabivugiye ku musi wa gatatu w’indwi iheze igihe hariko hatunganywa umusi w’amasengesho. Abize ivy’ubutunzi bakira gute ivyo vyashikirijwe na Perezida Ndayishimiye?
Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati :” kubera gusa abantu bagiye barayora amahera badashika n’ijana bagaca bagenda baravuga ngo abarundi bose baruzuranye amahera bagaca bashaka yuko inoti y’ibihumbi cumi irutwa n’imeya, erega urugamba rw’ubutunzi ni urugamba dutegerezwa kurwana kandi tuzorutsinda ndabarahiye …. Umusi mwisanze ivyo bihera munyegeje mu mazu nabigize ibipapuro niho muzovyemera kandi muzoca mubona ko ndiko ndarwana”
Umwe mu bahinga muvy’ubutunzi atashimye kwivuga izina ryiwe e ku mvo z’umutekano wiwe avuga ko ivyo vyoguteza agaciro amafaranga yanyegejwe bidashoboka kuko benshi hakuyakoresha imigambi yindi bahitamwo kuyavunjisha mu mafaranga mvamakungu aho baba bayabona ko atekanye ataco azoba.
“nibaza ko ata numwe ashaka yuko ayo mafaranga aheza akarwira kuko uyashize mu mazu ntaba ariko ararwira, ariko baratinya kuyashira mu rucuruzwa kuko bibaza ko bohava bahomba. Canke ndatangura ntere imbere birangire bimenyekanye hanyuma amafaranga bace bayantsindako bayanyake. Rero bahitamwo kuyavunja mu madorare bagaca bibikira mu mazu bitekaniye ” Niko uwo muhinga muvy’ubutunzi abandanya asigura.