Umukuru w-igihugu c-uburundi yaraye yemeje ku mugaragaro ivyari bimaze imisi bivurwa ku mbuga ngurukanabumenyi ko yahagaritse mu kazi mu kiringo c-imisi cumi n-itanu abahanuzi biwe bagera kuri munani yasanze badatonda ku kazi.
Perezida Varisito Ndayishimiye yabivugiye kuri uyu wa gatatu igihe yariko agirisha inyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu zabereye ku murwa mukuru w-intara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura-Rural.
ˮJewe narababwiye nti rero ko mwantanye akazi ari je nkora ndi umwe , umusi umwe rero tuzogabura umushahara.None ko arije ndiko ndagukorera, none uhembwe kandi arije nagukoreye? Tuzogabura, bakibaza ngo ni ugufyina! Ndavuga ubwa mbere, ndavuga ubwa kabiri,aho ngiye ndiko ndahanura, ngahanura. Jewe mfise ibiro munani nugaye , imfunguruzo nije ndazifise . None akazi k-umukuru w-igihugu karigera gahagarara? Vyerekana n-ubundi ko arije navyikoreye, bahembwa badakoze‟ Niko Perezida Ndayishimiye yavuze.
Umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye avuga kandi ko abo bahanuzi munani bafatiwe iyo ngingo bose bagiye kuzohembwa igice c-umushahara , ikindi ayo mahera bazoba bakaswe azoca ayatwara kuyafashisha abanyagihugu. Umukuru w-igihugu c-uburundi yavuze uku:
ˮ…Kandi rero niyo bagaruka umushahara nzowukatamwo kabiri, nce ntwara ayo mahera yose ndayafashishe abenegihugu kuko arayiwabo . Eeeeeh! Ndayabaka umwe wese azohembwa inusu nce ndayajana , ntihabuze umwenegihugu yugaraniwe mu bitaro yabuze amahera yo kuriha , nti aya niy-amahera naka ibinebwe‟
Tubamenyeshe ko Perezida Ndayishimiye agize igihe anegura cane abari mu nzego zitandukanye harimwo n-abamufasha imirimo y-igihugu abagiriza kuba aribo batuma ibintu bitagenda neza mu gihugu arongoye. Akarorero ka hagufi ni igihe yaheruka kubwira abari mu rwego rw-ubucamanza ko yaje kuririra imbere yabo kw-izina ry-abanyagihugu arongoye batakironka ubutungane bubereye kubera abo bacamanza barangwa no kurya ibiturire.