Umukuru w-igihugu ca Tanzaniya Umupfasoni Samia Suluhu Hassan yarakiriye kuri uyu wa gatanu mugenzi we w-uburundi mu gisagara ca Dodoma , ku murwa mukuru wa politike w-ico gihugu. Bakaba baciye bagiriranira umubonano mw-ibanga. Inyuma y-uwo mubonano, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko yipfuza ko igihugu ca Tanzaniya cofasha uburundi mu kurwanya umurwi w-iterabwoba avuga ko urongowe n-umunyepolitike Alexis SINDUHIJE asanzwe ari mu buhungiro kuva mu mwaka w-2014.
Umukuru w-igihugu c-uburundi ati :
ˮHari umurwi urwana urongowe na Alexis Sinduhije , ni uw-iterabwoba mu karere kacu , barabangamiye umutekano w-abanyagihugu mudufashe kubarwanya‟
Perezida Varisito Ndayishimiye abandanya asaba ubufasha igihugu ca Tanzaniya mu bijanye n-ivyo gukurwako ibihano vy-ubutunzi uburundi bwafatiwe n-ubumwe bwa buraya, ivyo kwinjizwa mu muryango wa SADEC hamwe nugutahukana z-abarundi zahungiye mw-ico gihugu.
ˮMwaratwemereye kudufasha kugira uburundi bwemererwe kwinjira mu muryango wa Afrika y-amaja Epfo, SADEC, Kandi munatuvugire no mu bihugu vya buraya vyafatiye ibihano uburundi vy-ubutunzi kugira bikurweho. Bandanya , n-impunzi z-abarundi ziri ngaha zitahuke kuko hari amahoro ubu. Muraziko inzego zacu zikorana neza kandi zirafata inkozi z-ikibi‟ Niko Perezida Ndayishimiye yabandanije avuga.
Tubamenyeshe ko kw-igenekerezo rya 23 nyakanga 2021 i New-york mu nama nkuru ya bose y-ishirahamwe mpuzamakungu ONU umukuru w-igihugu c-uburundi yaheruka kumenyesha nahone ko amahoro n-umutekano mu gihugu arongoye ari vyose ko gusa arajwe ishinga n-irwirirana ry-imihari mu karere yise ko ari iy-iterabwoba harimwo n-umuhari RED-TABARA umaze gutangaza ko wiyemeje kurwanya Leta y-uburundi ndetse hakaba hari n-ibitero bimaze gukorwa mu bice bitandukanye vy-igihugu c-uburundi mu nyuma bikemezwa n-uwo muhari ko ariwo wabikoze.