Thursday, December 1, 2022
HomeNewsPerezida Ndayishimiye asaba ibanki y-isi yose gutanga uburyo bwohangana n-ikiza ca Covid-19...

Perezida Ndayishimiye asaba ibanki y-isi yose gutanga uburyo bwohangana n-ikiza ca Covid-19 mu vy-ubutunzi.

Mu bikorwa vy-inama igira 58 y-ubutunzi yabereye I Bujumbura ihuza abashikiranganji bajejwe ubutunzi n-abarongoye amabanki makuru muri Afrika, Umukuru w-igihugu c-uburundi ariwe yuguruye iyo nama, asaba ibanki y-isi yose gutanga uburyo buboneka gusumba ukwo vyahora  bwoza buhangana n-ingaruka mbi zitewe n-ikiza ca Coronavirus  mubijanye ni vy-ubutunzi.

ˮTuravye n-ingaruka ziriko ziterwa n-ikiza ca Covid-19  kubijanye n-ubutunzi , tukaba tuziko ingingo zo kwirinda ico kiza zitegerezwa gukomezwa . Dusavye ibanki y-isi yose gutanga uburyo buboneka kurusha mu myaka iheze yofasha mu guhangana n-ingaruka z-ico kiza.  Mboneyeho akaryo ko gusubira gushimira ku twigoro k-ibanki y-isi yose hamwe n-ikigega c-isi yose mu kworosha mu gutanga ingurane kuri Leta y-uburundi kugira ironke uburyo bukwiye bwofasha Leta kurwanya bikwiye ikiza ca Covid-19‟

Mw-iyo nama mpuzamakungu iriko ibera I Burundi ku murwa mukuru w-ubutunzi I Bujumbura, Umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha imigambi Leta y-uburundi  yashize imbere  muguteza imbere  ubutunzi harimwo ukwubuka kijambere  ikivuko ca Bujumbura, kwubaka ibarabara ry-indarayi , kwagura ikibuga c-indege citiriwe Melchior Ndadaye hamwe no kwubaka k-uburyo bwa kijambere isoko ry-ubutunzi .  Ikindi,Perezida Ndayishimiye avuga n-uko bishoboka ko ubutunzi bw-ibihugu vyo muri Afrika bwisununura hamwe abo vyega bose boja hamwe bagahanahana  ivyiyumviro n-intererano . Akarorero Umukuru w-igihugu c-uburundi atanga ni ukuntu uburundi arongoye ubu bwibayeko inyuma yaho bufatiwe ibihano n-ibihugu rutura  bitewe n-indyane za Poritike zo mu mwaka w-2015.

 

 

 

 

Must Read