Umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko umuntu wese ashobora kwirukanwa mw-itongo ryiwe mu gihe Leta irikeneye ku nyungu z-igihugu. Perezida Ndayishimiye agatanga gasopo ku bantu bose bafise amatongo yarengewe n-ivyatsi kubera ukutarimwa ko bazohabwa ibihano muguca bakwa ayo matongo maze bayahe ababishoboye kuyarima mu ntumbero yo kurwanya burundu inzara mu gihugu. Varisito Ndayishimiye yabitangaje kuwa 19 Ruhuhuma 2022, igihe yariko abonana n-abarundi batuye mu bubirigi no mu micungararo yaho.
«Iyo bakw-expropriye hariho amategeko abigenga, iwawe ni iwacu kuko nah-igihugu . Nagire ndababwire yuko ubu kubera twijukiye uburimyi , ubu n-umuntu afise inyovu atarima cane mu misi iza mzoraba tuzomuhana , none dupfe n-inzara hariho ishinge harya ? wase kuririma turariha abaririma umusi washatse kuririma tugusubize itongo ryawe» Niko Perezida Ndayishimiye yavuze yarikumwe n-abarundi baba mu bubirigi kuwa 19 Ruhuhuma 2022.
Inyuma y-ivyo vyashikirijwe na kizigenza w-abarundi , Buramatari w-intara ya Bururi yaciye atangura kwumva ako kamo k-umukuru w-igihugu aho mu ndwi iheze yategetse abanyagihugu arongoye ko abafise amatongo atarimye ariko ubunyovu , agiye guhabwa Leta. Mw-iryo tangazo nyene, Colonel Léonidas Bandenzamaso yagiriyeko amenyesha ko ibiti vyose vy-imikaratusi biteye ku mitumba yose igize iyo ntara bitegerezwa gucibwa maze bigasubirizwa n-ibiti vy-ubundi bwoko. Ikiringo co gushika kuwa Mbere Ruheshi uy-umwaka akaba arico cahawe abajejwe intwaro kugira bakwirikirane hafi ko izo ngingo zizoshirwa mu ngiro.