Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko arajwe ishinga n-irwirirana ry-imihari avuga ko ari iy-iterabwoba nka ADF na RED-TABARA ifise icicaro mu buseruko bw-igihugu ca Congo iharanira. Kubwiwe, Iyo mihari ngo itwara urwaruka rusanzwe rudafise akazi hamwe no kwica abanyagihugu ataco bazira.
Biri mw-ijambo yashikirije mw-ijoro ryo kuri uyu wa kane i New-York muri Leta zunze ubumwe za Amerika hari mu nama ya bose igira 76 y-ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Mw-iryo jambo yaraye ashikirije, Varisito Ndayishimiye yasavye amakungu gufasha mu kurwanya iyo mirwi yise y-iterabwoba, kuko itabangamiye akarere gusa ariko na kiremwa muntu . Arongera akamenyesha ko amahoro n-umutekano mu gihugu c-uburundi bisasagaye ariko ko iruhande y-ikiza ca Coronavirus gihanze isi, umwansi w-uburundi n-abarundi ari ubukene.