Thursday, June 8, 2023
HomeNewsPerezida Ndayishimiye amenyesha ko arajwe ishinga n-imihari irwanira muri Congo harimwo na...

Perezida Ndayishimiye amenyesha ko arajwe ishinga n-imihari irwanira muri Congo harimwo na RED-TABARA.

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko arajwe ishinga n-irwirirana ry-imihari avuga ko ari iy-iterabwoba nka ADF na RED-TABARA ifise icicaro mu buseruko bw-igihugu  ca Congo iharanira. Kubwiwe, Iyo mihari ngo itwara urwaruka rusanzwe rudafise akazi hamwe no kwica abanyagihugu ataco bazira.May be an image of 1 person

Biri mw-ijambo yashikirije mw-ijoro ryo kuri uyu wa kane i New-York  muri Leta zunze ubumwe za Amerika hari mu nama ya bose igira 76 y-ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mw-iryo jambo yaraye ashikirije,  Varisito Ndayishimiye yasavye amakungu gufasha mu kurwanya iyo mirwi yise y-iterabwoba, kuko itabangamiye akarere gusa ariko na kiremwa muntu . Arongera akamenyesha ko amahoro n-umutekano mu gihugu c-uburundi bisasagaye ariko ko iruhande y-ikiza ca Coronavirus gihanze isi, umwansi w-uburundi n-abarundi ari ubukene.

 

 

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...