Sunday, March 26, 2023
HomeNewsPerezida Ndayishimiye ahakana kutazokwigura amakosa azoba yakozwe n-abapolisi.

Perezida Ndayishimiye ahakana kutazokwigura amakosa azoba yakozwe n-abapolisi.

Mw-ijambo yashikirije  kuri uwu wa gatanu ,igihe yariko yugurura umwaka w-ishure kaminuza ry-igipolisi ryo mu mitakataka risanzwe riri mu ntara ya Bubanza, umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye aragabisha urwego rw-igipolisi aho amenyesha ko intwaro arongoye iki gihe  itazokwirikiranwa n-ubutungane mpuzamakungu ku mabi yakozwe n-abapolisi. Kubwa Perezida Ndayishimiye , ngo umupolisi wese yerekana  inyifato itabereye azokwirukanwa mu kazi anahanwe hisunzwe amategeko.Province Bubanza (@BubanzaProvince) | טוויטר

ˮImbere y-uko bankurikirana ku mabi yakozwe ku ntwaro yanje, nzoba nigije  ku ruhande  intwazangabo mu gipolisi yigenjeje ukutabereye. Intwazangabo nyayo itegerezwa kwubaha amategeko kandi ikayashira mu ngiro. Mutegerezwa kwirinda kwigira utumana inyuma y-izi nyigisho muronkejwe‟ niko umukuru w-igihugu Ndayishimiye yashikirije mw-ivyobirori.

Uwo asanzwe ari nimero ya mbere mu barundi asaba imikangara 120 yarihejeje kwimikwa yinjiye mu rwego rw-intwazangabo ko bogenda kuba  abahuza b-abanyagihugu baseserejwe  n-imiryano  iri hgati y-abavukana uburundi bwaciyemwo. Ko hamwe  nyimba bazosabwa gutabara bazobe abanyakarangamutima k-ukuri.

Umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye arongera akanegura  uko igihugu  catwawe  muri kahise , akagirizaabajejwe umutekano ko batigeze berekana ko ataho bahengamiye. Yipfuza ko ku ntwaro yiwe, uburundi buba ubwa karorero .Intwazangabo yose ikaba ifise ivyo izobazwa n-abanyagihugu.

 

 

Must Read