Thursday, June 8, 2023
HomeNewsPerezida Ndayishimiye agiye kwakira imanza zose zacitse ariko zigaragaramwo akarenganyo.

Perezida Ndayishimiye agiye kwakira imanza zose zacitse ariko zigaragaramwo akarenganyo.

Umukuru w-igihugu c-uburundi agiye kwakira imanza zose zacitse ariko zigaragaramwo akarenganyo zitakigira iyungururizo. Nkuko bivurwa n-umuvugizi w-umukuru w-igihugu Evelyne Butoyi , ivyo bizokorwa mu ntumbero yuko ata munyagihugu yosubira kurenganywa.Ndayishimiye unveils lean Cabinet, reaches out to minorities - The East  African

ˮKuva yinjiye mu mabanga yo kurongora igihugu, umukuru w-igihugu yaremereye abanegihugu ko igisata c-ubutungane agiye ku citaho kurusha, kanatsinda ahatagira ubutungane ntihagira amahoro, nta terambere, nawe se barundi akaba ari umucamanza mukuru kandi nkuko adasiba kurivumera ntiyipfuza ko hari umunyagihugu numwe arenganywa.  Nyenicubahiro umukuru w-igihugu aramenyesha abarundi n-abanyamahanga ko aciye mu nama nkuru y-ubucamanza yakira imanza zitakigira isaganirizo ,ni ukuvuga imanza zaheze zaciye mu nzego zitandukanye z-ubutungane , ukwo zigenda zirasumbasumbana ariko hibonekezamwo akarenganyo kagaragara‟ bivurwa na Evelyne Butoyi, umuvugizi w-umukuru w-igihugu c-uburundi.

Bamwe n-abandi babona ko kubona umukuru w-igihugu agiye kwakira izo manza bigiye kuzofasha abanyagihugu bagumanye akangonongono ku manza zabo. Ikindi babona ko coba ciza nuko hoshirwaho itegeko mperekeza kugira ababuranyi bose barushijwe ntibace bitura urwo rwego.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...