Mu masengesho yo kuri uyu wa kane yuguruye inama ya komite nkuru y-umugambwe CNDD-FDD iriko ibera mu ntara ya Ngozi , Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye asaba abarundi bose kubandanya bubahiriza amabwirizwa yo kwikingira no kurwanya ikiza ca Covid-19.
Mw-ayo masengesho, Perezida Ndayishimiye yagereranije abantu batubahiriza izo ngingo zo kwikingira nka Eva yagararije ijambo ry-Imana mugukora ivyo bari barabujijwe .
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Myandagaro 2021, niho hategekanijwe ko haza gusohorwa ingingo ngenderwako zishasha , uburongozi bw-igihugu bugiye kuzokwisunga. Biravurwa ko mw-izo ngingo nshasha zigiye gusohorwa n-uwo mugambwe ko harimwo ivyo kunagura demokarasi ku rwego rw-igihugu hamwe no gukorana n-iyindi migambwe bahiganywe mu matora yo mu mwaka w-2020.