Tuesday, March 28, 2023
HomePoliticsPerezida Ndayishimiye agabisha ibihangange mu butegetsi bwiwe bishaka kumutembagaza ku butegetsi.

Perezida Ndayishimiye agabisha ibihangange mu butegetsi bwiwe bishaka kumutembagaza ku butegetsi.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yoba afise amakenga yuko ashobora guhirikwa ku butegetsi na bamwe yise ibihangange biri mu butegetsi bwiwe. Mu mvugo ifobetse , Varisito Ndayishimiye asa n’uwavuniye akagohe aboba bariko barabitegura abagabisha ko amase ya kera atagihoma urutaro. Uwo arongoye uburundi akaba yabivugiye i Gitega igihe yariko yugurura umwaka w’ubutungane aho yanasavye abo bacamanza co kimwe n’inzego z’umutekano kumufasha kurwanya ivyo bihangange.

Mw’ijambo ryiwe, Varisito Ndayishimiye yaribukije ko mu Burundi hatazopfa hasubiye kuba itembagazwa ry’ubutegetsi canke ingwano . Akaba yagereranije abarwanira kuba abakuru ko bameze nka Maconco yagumutse ku mwami Mwezi Gisabo ashaka irya ntebe , ariko apfa atayigiyeko kuko umwami yaciye amurwanya.
Isoko ryacu riva mu bagumyabanga ba CNDD-FDD rimenyesha ko hoba hamaze imisi hari ukutumvikana hagati y’abumva ibintu kumwe na Varisito Ndayishimiye hamwe n’uwundi murwi w’abajenerari urongowe n’umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume. «Perezida Varisito ariko arwanywa yivuye inyuma n’akarwi k’abajenero badashaka ko akorera neza abarundi mukubakura mu bukene budasanzwe barimwo. Ako karwi gashaka ko koguma kihagira ubutunzi bw’igihugu nka bwose nkuko Umuhisi Nkurunziza yari yarabaretse barijajara» bibandanya bivurwa n’iko iryo soko mu mugambwe CNDD-FDD ribandanya rimenyesha.

Must Read