Monday, May 29, 2023
HomeNewsPerezida Ndayishimiye abwira abarundi ko boreka gukinisha ijambo ˮJenoside ‟ mu kwagiriza...

Perezida Ndayishimiye abwira abarundi ko boreka gukinisha ijambo ˮJenoside ‟ mu kwagiriza aba canke bariya ko aribo bayikoze.

Mu nama y-umwiherero w-abategetsi  bagize Leta warumaze imisi ibiri mu ntara ya Gitega, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye abwira abarundi ko boreka gukinisha ijambo ˮjenoside‟ mu kwagiriza uruhara rw-ubwoko kanaka mu mabi yabaye muri Kahise.Image

Kubwa Perezida  Ndayishimiye, amenyesha ko ˮjenoside‟ itabaho mugihe idakozwe n-uburongozi bw-igihugu. Abitomora uku:

ˮuno musi uza wumva abatutsi  barishe abahutu, abahutu barishe abatutsi , ngo ni jenoside Oyaaa!  Jenoside ni ubwicanyi bubishe bubi kizira kubukinisha‟

Uwo arongoye iki gihe igihugu c-uburundi asaba abarundi ko boreka umurwi CVR wo kuvuga ukuri no kurekuriranira ko wokora ico gikorwa wonyene maze abarundi bakaronka ukuri kudafise aho guhengamiye.

Bamwe n-abandi barashima ivyo vyashikirijwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi ariko bagasaba ko haba ishirwa mu ngiro ivyo yashikirije kuko ngo bimaze kumenyekana ko umugambwe CNDD-FDD akomokamwo uguma ushira imbere ubwicanyi bwo 1972 bwonyene mu kwereka abarundi bo mu bwoko bw-abahutu ko intwaro z-abatutsi arizo zabahekuye. Ivyo abatari bake mu barundi ndetse na Perezida Ndayishimiye yivugiye  ko ubwo bwicanyi bwo 1972 ababukoze binyegeza inyuma y-ubwoko ariko ari abarongozi babi bari bafise agatima kabi ko kwica.

Must Read