Mu nama y-umwiherero w-abategetsi bagize Leta warumaze imisi ibiri mu ntara ya Gitega, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye abwira abarundi ko boreka gukinisha ijambo ˮjenoside‟ mu kwagiriza uruhara rw-ubwoko kanaka mu mabi yabaye muri Kahise.
Kubwa Perezida Ndayishimiye, amenyesha ko ˮjenoside‟ itabaho mugihe idakozwe n-uburongozi bw-igihugu. Abitomora uku:
ˮuno musi uza wumva abatutsi barishe abahutu, abahutu barishe abatutsi , ngo ni jenoside Oyaaa! Jenoside ni ubwicanyi bubishe bubi kizira kubukinisha‟
Uwo arongoye iki gihe igihugu c-uburundi asaba abarundi ko boreka umurwi CVR wo kuvuga ukuri no kurekuriranira ko wokora ico gikorwa wonyene maze abarundi bakaronka ukuri kudafise aho guhengamiye.
Bamwe n-abandi barashima ivyo vyashikirijwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi ariko bagasaba ko haba ishirwa mu ngiro ivyo yashikirije kuko ngo bimaze kumenyekana ko umugambwe CNDD-FDD akomokamwo uguma ushira imbere ubwicanyi bwo 1972 bwonyene mu kwereka abarundi bo mu bwoko bw-abahutu ko intwaro z-abatutsi arizo zabahekuye. Ivyo abatari bake mu barundi ndetse na Perezida Ndayishimiye yivugiye ko ubwo bwicanyi bwo 1972 ababukoze binyegeza inyuma y-ubwoko ariko ari abarongozi babi bari bafise agatima kabi ko kwica.