Wednesday, February 8, 2023
HomeNewsPerezida Museveni amenyesha ko hari abarundi bifadikanya n’imirwi imaze imisi ikora ibitero...

Perezida Museveni amenyesha ko hari abarundi bifadikanya n’imirwi imaze imisi ikora ibitero muri Ouganda.

Umukuru w’igihugu ca Ouganda , Perezida Museveni amenyesha ko hari abarundi bifadikanya n’imirwi imaze imisi ikora ibitero muri ico gihugu vyibasira abapolisi. Mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa gatanu ku bijanye n’uko umutekano wifashe, Yoweli Kaguta Museveni, avuga ko abagize iyo mirwi bishwe harimwo umurundi umwe hamwe n’abandi babiri bafashwe bari mu minwe y’igipolisi.

Nkuko dukesha iyo nkuru ikinyamakuru co muri Ouganda, Monitor, Perezida Museveni yagize ati :”Ubu naho nagire mvuge gato ku bijanye n’ibitero bimaze imisi bikorwa ku gipolisi c’ubuganda. Nibaza ko abantu bamwe bamwe bamaze kuvyumva ariko nagire ndabakurire inkoni ku gishitsi ko ibitero nk’ibi ari ibitagira umutwe n’amaguru. Mbere kenshi bikorwa n’abicanyi bagakorana na UPDF kugira bibe amahera n’ibirwanisho”

Uwo arongoye igihugu ca Ouganda akongera amenyesha ko mu gitero giheruka kuba kuwa 26 Munyonyo 2022 mu karere ka Nakaseke, cahitanye umusirikare umwe w’igihugu maze abari bateye harimwo umurundi umwe ku vyamuranga handitseko yitwa Tharcisse Marengere hamwe n’uwitwa Dennis Ssekimpi wo mu mugambwe utavuga rumwe na Leta NUP barishwe. Abandi bantu bagera kuri 15 bakorana ibitero na Dennis Ssekimpi barahagaritswe, muri abo harimwo babiri bafatiwe ku gituro c’imodoka zunguruza abantu kiri ahitwa Namayiba bariko bahunga. Abo nabo akaba ari abarundi umwe afise izina rya Charles Ndagizimana hamwe Muhammad Sabumukunzi.

Perezida Kaguta Museveni akabandanya amenyesha ko amatohoza kubagize ivyo vyaha kandi bari mw’iyo mirwi y’inkozi z’ikibi mu gihugu arongoye akibandanya .

Must Read

Ifaranga ry’uburundi ribandanya rita agaciro uko bukeye uko bwije.

0
Amazu yo kuvunja ammafaranga mvamakungu amaze imisi ashira ahabona ibiciro vy’ayo mafaranga ukwo avunjwa. Ikihaye kiboneka nuko ifaranga ry’uburundi ririko rita agaciro ku rugero...