Umushikiranganji w-uburusiya ajejwe imigenderanire n-ayandi makungu , Sergei Lavrov , yatangaje kuri uyu wa kabiri ibihano kuri Perezida wa Leta Zunze ubumwe za Amerika n-umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau , hamwe rero n-abandi bategetsi batari bake.
Ku rutonde rw-aberwa n-ivyo bihano , haza kandi umushikiranganji wa Amerika w-imigenderanire n-ayandi makungu , Antony Blinken n-uwo kwivuna abansi, Lloyd Austin. Abandi bategetsi ba Amerika baza k-urwo rutonde ni uwutwara ingabo za Amerika Mark Milley , umuhanuzi kwa Perezida mu vy-umutekano Jake Sullivan , umuyobozi w-ikigo ca Amerika kijejwe iperereza CIA, William Burns, uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy-umukuru wa Amerika, Jen Pask, Icegera c-umuhanuzi muvy-umutekano, Daleep Singh, Uwujejwe ikigo ca Amerika kijejwe iterambere kw-isi USAID, Samantha Power, Icegera c-umushikiranganji w-ikigega ca Leta , Adewale Adeyemo, hamwe rero n-umukuru wa Banki ya Amerika ijejwe kurangura no kuranguza ibidandaza,Reta JO Lewis.
Mu rindi tangazo , Sergei Lavrov yatangaje izindi ngingo zihana abanye Canada 313 barimwo umushikiranganji wa mbere Justin Trudeau hamwe n-abatari bake bakorera mu bushikiranganji bwiwe.
Mw-iryo tangazo, uburusiya busigura ko ivyo bihano bifatiwe abo bategetsi mu ntumbero yo gusubiriza mu ndumane ivyo Leta Zunze ubumwe za Amerika zaheruka gukora aho Perezida w-uburusiya Vladmir Putin hamwe na Sergei Lavrov bafatiwe ibihano na Amerika kubera ko Uburusiya bwateye , Ivyo Amerika n-ibindi bihugu rutura vyo kw-isi bifata ko ari «Agasomborotso ku burusiya».