Uwahoze arongoye igihugu c-uburundi , Domitien Ndayizeye yatowe kuri uyu wa mbere kuba umukuru w-inama yinararibonye mu muryango w-ubumwe bwa Afrika. Igikorwa co gutora Perezida Ndayizeye cabereye mu nyubakwa yitiriwe intwari ya Afrika Julius Nyerere i Addis-Abeba muri Etiyopiya.
Tubamenyeshe ko Perezida Domitien Ndayizeye yaraheruka kugenwa muri Ruhuhuma igenekerezo rya 6 uy-umwaka wa 2022, ngo abe mu bagize mu murwi w-inararibonye z-umuryango w-ubumwe bwa Afrika , mu kiringo c-imyaka itatu.