NEWS

Paul kagame yahisemwo kurekura abatavuga rumwe na we , Victoire Ingabire na Kizito Mihigo.

on

Igihugu c’Urwanda gitwarawa na Paul kagame, uwusanzwe azwi ko atihanganira abatavuga rumwe nawe, yafashe ingingo y’ikigongwe yo kurekura uwutavuga rumwe na we azwi cane ariwe ,Victoire Ingabire, yari yaciriwe igifungo co gufungwa imyaka 15. Akaba yarekuwe hamwe n’umuririmvyi atavugaa rumwe na leta ya kagame ,Kizito Mihigo, biciye ku kigongwe c’umukuru w’igihugu w’Urwanda.

Ingabire Victoire, uwusanzwe ayoboye umuhari utemewe n’amategeko mu rwanda ariwo FDU-inkingi akaba arekuranywen’abandi bafungwa ba politike mu Rwanda. Umuririmvyi Kizito Mihigo akaba yari yafunzwe mu mwaka wa 2015 yagirizwa gushaka kwica Paul Kagame, nk’uko ubutungane bwo mu Rwanda bubimenyesha.

Ku bijanye n’irekurwa rya ingabire, umushikiranganji w’ubutungane w’Urwanda, Johnston Businge , yabwiye ikinyamakuru Reuters ko’irekurwa rya Ingabire ataho rihuriye n’ivya politique, kandi ko ifungwa ryiwe ataho rihuriye n’ivya politike’.

“Umukuru w’igihugu yatanze ikigongwe, kandi ibiwirizwa shingiro riramurekurira kubikora”, niko Johnston Businge yamenyesheje ko mbere Ingabire yari amaze gusaba ikigongwe incuro zibiri.

Ingabire akaba yari yatahutse ava mu gihugu ca Hollande mu mwaka wa 2010 aje guhanagana na Kagame Paul mu kibanza c’umukuru w’igihugu c’Urwanda ariko akaba yarankiwe guhiganirwa ico kibanza kubera impamvu zo kuba yarahakanye ibijanye n’ihonyabwoko.

Recommended for you