NEWS

Paul KAGAME yahawe uburenganzira bwo gutwara igihugu cu Rwanda gushika 2034

on

Umukuru w’igihugu cu Rwanda ” Paul Kagame ” uyu musi wa kabiri italiki 17 Munyonyo 2015, niho Abashingamateka hamwe n’ Abakenguzamateka bo mu Rwanda bemeza ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, aho rimurekurira gusubira kwitoza eka mbere ngo agashobora kuzotwara igihugu cu Rwanda gushika 2034 mu gihe abanyagihugu boguma bavyifuza.

kagame

Ingingo yi 101 hamwe n’ 172 nizo zimuha uburenganzira bwo kubandanya yitoza nkuko vyamaze kwemezwa n’izo nzego zibijejwe.

Ingingo ya 101, ihindura imyaka indwi, ikiringo c’ugutwara cahora ari ic’imyaka itanu , maze igaca itanga uburenganzira bw’ukwitoza kabiri,Ingingo nayo y’172 imurekurira gusubira gutwara imyaka indwi , kuva mu mwaka wa 2017 maze nyuma yaho kandi akagira uburenganzira bw’ugutwara ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu nkuko izo ngingo zibimuhera uburenganzira.

UBM News tubibutse ko Ibihugu biha imfashanyo u Rwanda vyerekanye impungenge bitewe no gusubira kwitoza kwa Paul Kagame aho ikiringo ciwe ca kabiri c’imyaka indwi kizohera mu 2017.