NEWS

Paul Kagame avuga ko ashaka kubana neza n’ababanyi b’Urwanda

By

on

Mugihe yariko aragendera akarere ka Burera kur’uyu wa gatatu, Président Paul Kagame yabwiye abanyagihugu baho ko Leta y’Urwanda izorondera umutekano ku neza no ku nguvu, ko abarwanya Urwanda azobashikira aho bari hose. Mu nyuma yo kuvuga ko agiye gutorera inyishu ibibazo vyo kubaho vy’abanyarwanda, Président Paul Kagame yavuze ko agiye gukemura n’ikibazo c’abaturanyi atavuze amazina.

Président Paul Kagame akavuga kw’ashaka kubana neza n’ababanyi nayo abaja mu gihugu ca Ouganda akavuga ko ivyo baja kuronderayo bihari mu Rwanda. Umukuru w’igihugu c’Urwanda akavuga ko ababanyi b’Urwanda bashaka kubateza ibibazo ariko Urwanda rworwo rugashaka kubana neza ngo ariko rutazokwemera ibitajanye n’amategeko rugenderako.

Urwanda rukavuga ko rwafashe umuvugizi w’umuhari FNL, Major Nsabimana Callixte batazira Sankara, hamwe n’umuvugizi w’umuhari FDLR yafatiwe mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Congo.

Recommended for you