Amajambo ateye isoni , President wu rwanda ” Paul Kagame akomeza avuga ajanye na President wa Tanzania ” Kikwete ” akomeje kubabaza abantu benshi cane burimusi kuko ukw’imisi itera yigira imbere niko haguma havugwa ibintu bishasha bijanye nimigenderanire iri hagati yabo bakuru bibihugu babiri.
Urwandiko twasohoye hano kuri UBMNews itariki zitatu zukumunani uyu mwaka turimwo ( 03/08/2013 ), umutwe winkuru wavuga ati : President Paul Kagame yanka kikwete urunuka ” Ibi n’ibitutsi biteye isoni amutuka ” runo rwandiko rwatanzweko ibitekerezo vyinshi cane kandi nkabatanze ibitekerezo bose bavuga ko kagame akwiye kwitonda akareka gucokoza inzuki mugitiba kuko abatanzania ngo bazomwereka ko bakomeye kumusunvya.
Uwitwa Blue Stone yagize ati : Ndibaza yuko kagame agomba gutanga igihugu ciwe nkuko Iddi Amin vyamugendeye igihe tanzania imumariye abasoda biwe bose yariyajanye muntambara, ubwo rero kagame yoshaka akareka gucokoza inzuki mugitiba, igihugu ciwe kikagumana amahoro gifise.
Abasirikare ba tanzania bo bavuga ko Kagame aravye nabi ashobora nawe kuzohasiga ubuzima kuko intambara ntiraba ngo uri umutegetsi irajaniranya.
Rwanda ntimenyereye ivyingwano cane kuko bo bama barwana ubwabo kubwabo ( Genocide ) ariko twebwe abatanzania tumaze kuja muntambara nyishi kandi tukazitsinda, ubwo rero niyihenda ngo aravyuye intambara amenye ko ubuzima bwiwe buzoba burangiye, tuzomwica tumumarize ” uko rero akaba ariko yavuze umusirikare wa Tanzania.
Written by Eric Nyandwi