NEWS

Paul Kagame agiye kuyobora EAC.

on

Mu nama ya 20 yabaye ejo ku wa 1 Ruhuma 2019 ihuza EAC, umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame, yarasubiriye mu mabanga ya Museveni mu kuba uwuhagarariye umuryango wa Afrika y’Ubuseruko mu kiringo c’imyaka ibiri.

Ariko rero, naho Kagame yagenywe kuba uwuhagarariye EAC, hari abibaza ukuntu agiye kuzohora akora na rirya Urwanda, Uburundi na Uganda bisanzwe biftaniye imigenderanire mibi hagati yavyo.

Vyarihwejwe ko rimwe na rimwe Urwanda n’Uburundi vyagiye birahitamwo kutitaba ibikorwa vya EAC vyateguriwe gukorwa mu gihugu c’Uburundi canke Urwanda.

Urwanda ruheruka gusiba imikino ya EAC yabereye mu Buurndi. Uburundi nabwo bwarasivye inama yabereye i Kigali mu mwaka wa 2017.

None ubwo Urwanda n’Uburundi bigiye kugenda gute na rirya Paul Kagame, uwuvugwa ko ari ‘umwansi w’Uburundi’ afashe ubuyobozi bwa EAC mu kiringo c’imyaka ibiri?

Ikindi kandi, ivyari vyitezwe ko hayagwa ku migenderanire mibi hagati y’Uburundi n’Urwanda biragarara ko atayayazweko, naho Petero Nkurunziza yari yasavye ko hoba Inama idasanzwe yo kwiga ku migenderanire mibi hagati ya Kigali na Gitega.

Recommended for you

2 Comments

  1. Jon Boldue

    July 22, 2019 at 11:52 pm

    Mass parsite http://bit.ly/2W9CVkn

  2. roblox hacks download

    August 7, 2019 at 5:40 pm

    Found this on yahoo and I’m happy I did. Well written website.

Leave a Reply

Your email address will not be published.