Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsPARENA ibona ko hoba isuzumwa ry-ivyashitsweko vyari vyemeranijwe mu masezerano ya...

PARENA ibona ko hoba isuzumwa ry-ivyashitsweko vyari vyemeranijwe mu masezerano ya Arusha.

Mu gihe kuri uyu wa 28 Myandagaro ,ariho harumana imyaka 21 hateweko igikumu ku masezerano y-amahoro  ya Arusha,amasezerano yafashije gusubiza hamwe mu barundi, Umugambwe  w-imbogoraburundi PARENA usaba umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye gutunganya inama yo gusuzuma no kuraba ico amasezerano ya Arusha yashitseko mu gihugu.Zenon NIMUBONA:'' Itahuka rya Alice NZOMUKUNDA ntaco rihindura ku gikorwa  ca CNARED'' - UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho y'abarundi

Uwo mugambwe PARENA uribaza icabuze kugira haboneke ubutungane bwotunganiriza bose inyuma y-imyaka 21 irangiye hateweko umukono kw-ayo masezerano y-amahoro yi Arusha.  Zénon NIMUBONA arongoye umugambwe PARENA mu kiganiro yahaye kuri uyu wambere  bagenzi bacu b-iradiyo RSF BONESHA FM  avuga uku:

ˮAkarenganyo niko kateye haba intambara hanyuma tubonako  abarundi bagira bati kugira ivyo bihagarare reka tugarukire ubutungane ,tugiriranire amasezerano azana ubutungane mu gihugu . Ahari ubutungane nta ngorane zisubira kuba kuhaba. Rero twagira duti none ko amasezerano yi Arusha amaze imyaka 21 vya bibazo bikagaruka kwa kundi kandi bivuzwe n-uwubirabira  hejuru wo muri Leta , ntihageze ko ubu twoyaraba igituma habaye amasezerano mugabo ubwo butungane ntibuze? Rero dusaba  ko ayo masezerano boyarabira hamwe ,abagiyeyo n-abatagiyeyo kuyarondera bumvikane bagire bati ituze mu gihugu ryogaruka gute?‟

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...