Mu gihe kuri uyu wa 28 Myandagaro ,ariho harumana imyaka 21 hateweko igikumu ku masezerano y-amahoro ya Arusha,amasezerano yafashije gusubiza hamwe mu barundi, Umugambwe w-imbogoraburundi PARENA usaba umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye gutunganya inama yo gusuzuma no kuraba ico amasezerano ya Arusha yashitseko mu gihugu.
Uwo mugambwe PARENA uribaza icabuze kugira haboneke ubutungane bwotunganiriza bose inyuma y-imyaka 21 irangiye hateweko umukono kw-ayo masezerano y-amahoro yi Arusha. Zénon NIMUBONA arongoye umugambwe PARENA mu kiganiro yahaye kuri uyu wambere bagenzi bacu b-iradiyo RSF BONESHA FM avuga uku:
ˮAkarenganyo niko kateye haba intambara hanyuma tubonako abarundi bagira bati kugira ivyo bihagarare reka tugarukire ubutungane ,tugiriranire amasezerano azana ubutungane mu gihugu . Ahari ubutungane nta ngorane zisubira kuba kuhaba. Rero twagira duti none ko amasezerano yi Arusha amaze imyaka 21 vya bibazo bikagaruka kwa kundi kandi bivuzwe n-uwubirabira hejuru wo muri Leta , ntihageze ko ubu twoyaraba igituma habaye amasezerano mugabo ubwo butungane ntibuze? Rero dusaba ko ayo masezerano boyarabira hamwe ,abagiyeyo n-abatagiyeyo kuyarondera bumvikane bagire bati ituze mu gihugu ryogaruka gute?‟