Ishirahamwe PARCEM ryiyemeje guhimiriza abarundi guhindura ingendo mu mwihwezo waryo rimenyesha ko hamwe umugambi wo kugabanya amakomine n-intara zigize uburundi woshirwa mu ngiro ,igihugu c-uburundi cohatorera akarusho kanini mu gisata c-ubutunzi kuko uburyo bwoca bukoreshwa mu bindi. Ivyo abivuze mu gihe Umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu amenyeshereje ko bagiye kuraba ko bikenewe intara n-amakomine zogabanywa canke zikaguma ukwo zari zimeze.
ˮ…Amakomine 129 ni menshi cane hamwe n-intara cumi n-umunani ni nyishi cane. Uravye honyene ku buryo bukoreshwa na ba musitanteri nk-imodoka bakoresha ukwo zingana hamwe n-ivyo zitwara honyene usanga biriko bitwara uburyo bwinshi cane.iyo ushaka kwegereza intwaro abanyagihugu. Nibaza yuko bagabanije intara hoca haza ibisagara bisa nk-ama port d-attraction ,ukafata nko mu buraruko port d-attraction ni nka Ngozi, ni nkawo murwa mukuru wo mu buraruko. Ufate Gitega uti ni port d-attraction, mu bumanuko gutyo gutyo, wosanga bigize akamaro kenshi.hanyuma ikomine igaca iba ikintu gishobora gukora ibintu vyishi, kigakorerwamwo imigambi myishi‟ Niko Faustin Ndikumana abibona.
Naho biri ukwo, Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM yemeza ko ivyo bizoshoboka mu gihe amakomine yokwigenga atari ukwo ntaco vyofasha. Atanga akorero k-amakomine agize igisagara ca Bujumbura aho biboneka neza ko nubu atarigenga mugihe yaheruka kugabanywa akavanwa kuri cumi na tatu agashirwa kuri atatu.