Ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi ngo bahindure ingendo rivuga ko ritewe impungenge n-igiturire kikicibonekeza mu bisata bitandukanye vy-igihugu c-uburundi. Iryo shirahamwe rikabonako hakiri agahaze muvyo kukirwanya kuko ngo hari n-amadosiye avurwa agaherera mu gipfungu.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Uwurongoye PARCEM kamwe m-uturorero yatanze ni urugomero rwa Kajeke aho habayemwo uruhombo runini. Kubwa Faustin Ndikumana, hategerezwa kuba harashinzwe inzego zigenga zikora amatohoza yimbitse maze hakaboneka ababikoze hamwe n-agahombo kaba kabaye.
Faustin Ndikumana agatera akamo inzego z-ibijejwe gushiraho umurwi w-abashingamateka wokurikirana uko ibikorwa bitunganijwe mu bisata bitandukanye.