Ishirahamwe PARCEM, ryiyemeje gukangurira abarundi kugira bahindure ingendo rimenyesha ko kubona igihugu c-uburundi kimaze igihe gishirwa mu kibanza ca mbere c-ibihugu bikenye gusumvya ibindi kw-isi , biva ahanini ku ndyane z-urutavanako ziri mu gihugu c-uburundi hamwe n-intwaro mbi yigaragaza mu gihe haje agahengwe. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM abishikirije inyuma yaho ikigega FMI gisohoreye ibiharuro kikerekana ko uburundi bugiye kuza imbere y-ibihugu bikenye cane kw-isi mw-uy-umwaka wa 2022.
Mu kiganiro yagiranye n-abagenzi bacu b-iradiyo RPA kuri uyu w-Imana, Umuhinga muvy-ubutunzi Faustin Ndikumana abivuga uku :
«Ibijanye nuko uburundi buguma ari igihugu ca mbere gikenye kw-isi, ubwa mbere nuko uburundi camye ari igihugu kizingamikwa n-indyane za politike z-urutavanako aho kuva mu mwaka wa 1962 gushika mu 2020, cagumye kija mu ndyane abantu bahunga ubwicanyi maze ubutunzi bugasubira inyuma. Twarerekanye neza ko kuva mu mwaka wa 1993 gushika mu mwaka wa 2005, ubutunzi bwasubiye inyuma ku rugero rwa 33%. Hanyuma kandi iyo habonetse agahengwe, igihugu usanga ciziziwe n-ibiturire, ugasanga abari ku butegetsi bashaka gutunga , bigaca bituma nay-amahera y-imfashanyo yoje kwinjira kubera ya ntwaro itabereye , ugasanga ntariko arinjira, N-abarwizatunga bazana imitahe ugasanga ntibayinjije maze bwa buryo bwotumye igihugu gitera imbere ugasanga ntibubonetse»
Tubamenyeshe ko umunyagihugu w-umurundi agiye kuzobeshwaho n-amadorare y-abanyamerika 269 mw-uw-umwaka wa 2022, Nkuko tubikesha urubuga Statista.com. Ikindi, ibiharuro vy-ikigega FMI vyerekana ko igihugu c-uburundi kiri mw-ico kibanza ca mbere c-ibihugu bikenye kw-isi kuva mu mwaka wa 2019 , aho amafaranga abeshaho umunyagihugu w-umurundi ku mwaka atarigera arenga amadorare y-abanyamerika 270 muri rusangi.