Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi bahindure ingendo PARCEM rivuga ko igisata c-indero kiriko kiragenda akayombekera mu Burundi aho usanga abanyeshure ku bigo bimwe bimwe bicara mw-ivu ahandi ku mabuye bakongera bagasangira utuzu twasugumwe dukeyi cane kandi ari benshi cane. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM akaba yabishikirije kuri uyu wa gatanu mu gihe iryo shirahamwe arongoye ryari riramutse ritanga ikiganiro ku banditsi n-abamenyeshamakuru.
ˮTuravye muri PARCEM ingene abanyeshule biga bigira hasi, ata madirisha , haraho twagiye tugasanga abanyeshule barenga ibihumbi bibiri basangiye ubuzu bwa sugumwe butarenga cumi , ni ibintu biriko bimera nabi‟ Niko Faustin Ndikumana avuga.
Muri PARCEM babona ko Leta yafashe minenerwe ico kibazo aho ata mahera menshi yigera ishira mw-ico gisata. Faustin Ndikumana ati:
ˮTwararavye nko mu ntara ya Kirundo dusanga intebe zibuze zababa hafi nk-ibihumbi 28 , ugasanga intebe imwe ni 30.000FBU , ni ukuvuga ko hakenewe nk-imiriyoni 840 z-amarundi mu ntara ya Kirundo yo nyene , ni musi y-umu miriyaridi umwe w-amarundi. Naho wofatira ku mumiriyaridi umwe w-amarundi buri intara imwe ni ukuvuga intara 17 aca aba imiriyaridi 18 z-amafaranga y-amarundi yo kenerwa mw-ico gisata. Ayo mafaranga ntiyo menshi uravye budget ubushikiranganji bw-indero bukoresha ntirenga imiriyoni 350 kuburamwo imiriyaridi 17 zo kugura intebe ni ibintu bitumvikana cane. Kandi turavye no muri budget, hari ayandi mafaranga bita ko yagenewe gufasha ibikorwa be nk-ivyo , ayo ni imiriyaridi 289 , mu mwaka uheze zari imiriyaridi 234 none nkaho hakozwemwo ibiki?‟