NEWS

PARCEM imenyesha ko ‘ata kirava mu Nama Rukokoma y’ubutungane’.

on

Mu rwandiko Ishirahamwe PAECEM, rirongowe na Faustin Ndikumana, ryishize gukangurira Abarundi ngo bahindure ingendo, hamenyeshwa ko ‘ata kintu kinini kiraboneka ko cavuye mu Nama Rukokoma(Etats generaux de justice) yabaye ubu haraheze imyaka itanu ku bijanye n’Ubutungane mu Burundi.

PARCEM ikamenyesha ko nyabuna ubutungane bw’Uburundi bwabandanije burangwa n’ibitagenda neza nko gushira ubutungane butunganirizwa bamwe( la justice de groupe), ugukoresha ubutungane ku bw’inyungu kanaka( Instrumentalisation de la justice), gukoresha ubutungane mu gucinyiza abandi(la justice du plus fort et du vainqueur) hamwe n’akana mwana wa mama muri leta.

Faustin Ndikumana, Umukuru w’Ishirahamwe PARCEM

PARCEM igaca imenyesha ko ivyo vyose vyabaye vyagiye birakwega ingorane n’akarenganyo, maze bigatuma ingoranne zimwe zimwe zidahera mu Burundi.

PARCEM ikaba isaba Leta y’Uburundi ko yosubira ikiCara iKaraba neza ko ivyafunditswe mu nama rukokoma ku bijanye n’ubutungane ko biriko biraja mu ngiro; hama izo ngorane zavuzwe aho haruguru zibone guhagarara.

Recommended for you