Ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo rimenyesha ko Leta y-uburundi yarikwiye kwitaho umutekano w-igihugu n-abarundi. Faustin NDIKUMANA arongoye iryo shirahamwe yerekana ibintu bitatu Leta yarikwiye kwishimikiza mu gusimbataza umutekano mu gihugu aho gushira inguvu mu bindi bisata bijanye n-inyungu zayo bwite.
ˮubwa mbere hariho n-ibijanye ico bita les mesures mecaniques ni ukuvuga ko iyo hari ibibazo vy-umutekano bihari nta wundi muti ni uburyo butegerezwa kuronderwa kugira hongerezwe igitigiri c-abajejwe umutekano, ibikoresho bakeneye hamwe n-ubuhinga bakoresha kugira bagire ama enquêtes mu ntumbero yo gutora abariko bahungabanya umutekano hama babafate. Ikigira kabiri nico bita les mesures politiques, kuberako haba hariko hakorwa za enquêtes, haraba ama stastiques ni hamwe haca haba ivyirwa bituma umutekano uhungabana , bagaca baraba imvo zituma umutekano uhungabana, kuko mu Burundi hariho ubwicanyi bufatiye ku matongo, ubwicanyi bufatiye k-ubukene , ubwicanyi bufatiye k-ubusuma bwo mu mazu, hariho ubwicanyi bujanye n-ibi bintu bifatiye ku bintazi vy-uburozi ,hariho n-ubwicanyi bujanye nukuntu abantu babona ko bakumiriwe, barenganijwe‟ Niko Faustin NDIKUMANA asigura.
Uwo arongoye ishirahamwe PARCEM atanga ikindi kintu nyamukuru cari gikenewe kugira hatsimbatazwe amahoro n-umutekano mu gihugu, ico naco ni ikijanye no kwigisha hamwe no guhimiriza abarundi kubera bimaze kuboneka ko kubijanye no kwubaha no kwubahiriza ubuzima bwa kiremwa muntu mu Burundi bitera bisubira inyuma kuburyo uwufashwe yishe umuntu, Leta ice imuhana bikomeye kugira hatangwe akarorero no kubandi boba bafise uwo mutima wo kwaka ubuzima bene wabo.