NEWS

Papy Faty azotahanwa mu Burundi ahambwe mu gihugu c’amavukiro.

on

Umukinyi mpuzamakungu w’intamba mu rugamba z’Uburundi, Papy Faty aheruka gupfira mu gihugu ca Swazilande aho yariko arakina urukino rw’umpira w’amaguru, azotahanwa mu Burundi kugira ashinguranwe iteka.

Amakuru ava aho muri Swazilande akamenyesha ko abakinyi bakinana mu mugwi wiwe muri Swazilande baza kwunamira ‘mwenewabo’ uyu musi ku wa 29 Ndamukiza 2019 kugira bamusezere.

Amakuru ava Swazialande akamenyesha kandi ko ikiziga ca Papy Faty kizoca kijanwa muri Afrika y’Epfo maze kikurizwa indege kugira kizanwe i Burundi maze ahamabanwe iteka mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Amakuru amwe amwe amenyesha ko uwo mukinyi w’Uburundi mpuzamakungu yahora agwaye indwara y’umutima imbere y’uko apfa. Ariko uyo mukinyi akaba yarirengagiza ingorane yari afise.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa, CAF, rikaba ryarasohoye itanagazo aho ryamenyesheje ko ribabajwe cane n’urupfu rw’umu mukinyi w’umurundi, Papy Faty yari kwitaba inkino z’igikombe ca Afrika gitegekanijwe kubera mu Misri kandi Uburundi bukaba buzokina muri izo nkino.

Recommended for you