INTERNATIONAL NEWS

Papa Francis Wa Katolika Yoba Agiye Kwumvirwa Ku kibazo ca Koreya Ya Ruguru?

on

Ejo hahise ku musi wa Gatandatu Koreya ya ruguru yarasubiye kgutera ikindi kimisile naho caciye gisambuka, mu gihe ONU yiyamiriza ivyo koreya ya Ruguru ikora.
Papa Francis yaraye ashimye kugira ico avuze aho yasavye ko ikibazo ca koreya ya ruguru cokwitonderwa.

Umukuru w’igihugu ca Phillipines, Rodrigo Duterte, aharutse kugabisha Donald Trump ko yokwitondera ikibazo ca koreya ya Ruguru kuko Kim Jong Un, Umukuru wa Koreya ya Ruguru “agomba guhonya isi yose”.

Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis, yasavye amakungu gutegura ibiganiro hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Korea ya ruguru.

Ashaka ko umugambi w’inguvu za nucleaire wa Korea ya ruguru woganirwako bigizwemwo uruhara n’amakungu yose.

Papa Francis avuga yuko ‘ikibazo ca Koreya ya Ruguru kigeze ku rugero runini cane’

Yavuze ko ibintu bimaze gushuha kandi yagiriza ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, kuba ryarananiwe gufata iki kibazo mu minwe avuga ko cafashwe minenerwe.

Papa yavuze ko ikibazo ca Korea ya ruguru gishobora gukwega intambara “yotuma igice kinini c’ibiremwa muntu gihona”.

Yatanze iciyumviro c’uko igihugu ca Norvege coba ikibanza ciza c’ivyo biganiro.

Papa Francis ivyo yabivuze nyuma y’aho Korea ya ruguru isubiriye kugerageza igisasu ca misile, ubwato bw’ingwano bwa Amerika nabwo bukaba bumaze gushika mu mazi yegereye amazinga ya Korea.

Nukurindira tukaraba yuko Abategetsi bo Mw’Isi bamwumvira kugira intambara ya Koreya ya Ruguru na Amerika ntibe kuko ishobora guhitana ibintu vyinshi.

Recommended for you