INTERNATIONAL NEWS

Pāpa Francis Ashaka Ko Igisabisho Ca Dawe Wa Twese Cohinyanyurwa

on

Mu majambo Umwungere Mukuru wa Ekleziya Gatolika yashikirije muri iyi ndwi,Papa Francis, yaragarutse ku vy’uko igisabisho ca Dawe wa Twese Cohinyanyurwa.

Muvyo Francis yamenyesheje harimwo ko hohindurwa amajambo ari muri ico gisabisho agira ati:”Ntutujane mu kugeragezo”. Francis atanga impamvu ko Imana idashobora kudutwara mu kigeragezo, ahubwo ko ayo majambo yo gutwara umuntu mu kigeragezo yerekezwa kuri Shetani.

Ku bwiyo mvo, Francis abona ko nyabuna ayo majambo amaze ibinjana yanditswe yahinduwe ukutari kwo.We avuga ko yohindurwa uku: “Ntutureke ngo dutsindwe n’ikigeragezo”.

Ico ciyumviro ca Francis kikaba Carababaje bamwe abandi bavyumva neza, ku mbuga za Internet abatari bake hirya no hino kwisi baragaragaje aho bahagaze kuri ico kubazo.

Iyo nsobanuro nshasha ya Papa Francis ikaba ari nayo isanzwe ikoreshwa cane mu gihugu c’Ubufaransa.None amajambo amaze imyaka hafi 2000 yanditse yoba agiye guhindurwa ubu?Ni kurindura umwanya…

Recommended for you