NEWS

PAM yagarukiye abanya Kirundo barembejwe na kigoyi.

on

Ishirahmwe mpuzamakungu ryitaho imfungurwa kw’isi ryagarukiye ku Barundi barembejwe na Kigoyi mu ntara ya kirundo mu buraruko bw’Uburundi.

Kuri uyu wa kabiri, Ishirahmwe PAM ryashikirije imfashanyo yihuta y’amatoni 1 100 y’ibifungurwa ku miryango 22 ooo ibangamiwe na kigoyi muri iyo komine.

Amakomine abangamiwe yagarukiwe ni Busoni, Kirundo na Bugabira muri iyo ntara ya Kirundo nyene.

Intara ya Kirudo mu Burundi yama yibasiwe na kigoyi mu mezi ya Ruhuhuma na Ntwarante buri mwaka, aho mbere bamwe bata izabo bagahungira mu Rwanda canke Tanzania.

Hakaba hari n’abahasiga ubuzima mu myaka yaheze muri iyo ntara, ariko ubu abagiraneza bamwe bamwe baragarukira kuri abo banyakirundo amazi atarerenga inkombe.

 

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.