NEWS

Pacifique Nininahazwe ariyamiriza amakuru abandanya ashikirizwa na Domitila Kiramvu

on

Inyuma y’amajwi ya Domitira Kiramvu yahamagarira abasanzwe barwanya ikiringo ca Gatatu ca Petero Nkurunziza kumugandagura hakiri kare ataramara Mandat ariko aratwara ,ibintu bisa naho atari vyiza kuruhande rwa Kiramvu hamwe na Pacifique Nininahazwe asanzwe arumwe mubatwara amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike mu Burundi.

pacifique

Naho Pacifique Nininahazwe asanzwe ari mubarwanya cane ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ,ndetse ari no mubaza imbere mukukirwanya,ntiyigeze yihanganira amajambo ya Kiramvu yahamagarira abasanzwe barwanya Petero Nkurunziza kumwica.

Ibi Pacifique Nininahazwe yavyerekaniye kurukuta rwiwe rwa Twitter aho yamenyesha ko adashigikiye amajambo yashikirijwe na Kiramvu.

1-5

Inyuma yo kwandika ibi kurukuta rwiwe rwa Twitter ,Kiramvu ntiyigeze yihanganira nagato ivyo Pacifique Nininahazwe yarashikirije ahubwo yaciye amwishura abicishije mumajwi (audio).

kiramvu

Mumajambo ya Domitira Kiramvu yagize ngo:”NDABASAVYE MUBWIRIRE PACIFIQUE NININAHAZWE KWATACIYUMVIRO CIWE CANKE INTERERANO NAMUSAVYE,KOYUMVA YIGIRA IGIHANGANGE ARIWE YATAYE ABANTU MW’IBARABARA NAGARUKE AZE AMUFATISHE INTOKE,EEEEH BAREKE KUMWICA .

Ibi bikaba bibaye inyuma yumusi umwe gusa Kiramvu asohoye amajwi yahamagarira batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza kumwica.

Recommended for you