NEWS

ONU Yoba Ikwiye Gushigikira Iyugururwa Ry’’Iradiyo Yegugikira Umuryango w’Umukuru W’igihugu ?

on

Iradiyo na Televiziyo Buntu iherukwa kwugururwa na Pierre Nkurunziza n’Umutambukanyi wiwe mu ntara ya Ngozi mu karere ka Buye, iriko ivugwako vyinshi cane. Mu bafashije cane kugira ngo iyo Radio ishingwe, harimwo Ishirahamwe rya ONU rijejwe iterambere ry’abanyagihugu n’imiryango FNUAP. Benshi bakibaza nimba mu vy’ukuru ONU yofasha mu gushinga iradiyo yegukira umuryango w’umukuru w’igihugu.

Iyo radio na Televiziyo yuguruwe ku musi wa agatandatu, yahawe imfashanye na FNUAP y’imilioni 106 mu mafaranga y’amarundi n’iryo Shirahamwe rya ONU, FNUAP. Ni imfashanyo ituma bamwe na bariya bibaza ibibazo. Ku bwa FNUAP, « iyo radio izofasha mu gushikira ibitigiri vya FNUAP mu gushimika ku banyagihugu ba ntahonikora kandi bibagiwe ».

Ariko rero, umukuru w’ikora ry’Ibimenyeshamakuru mu Burundi, UBJ, Innocent Muhozi, yabwiye RFI ko ko iyo mfashanyo nyabuna itari ikwiye kuva muri ONU. « Twisanga uyu musi hamwe n’ishirahamwe rya ONU rifasha mu gushiraho iradiyo na televiziyo izokwiragiza gusa amakuru y’umukuru w’igihugu n’umukenyezi wiwe gusa, iradiyo yegukira uwasambuye ibimenyeshamkuru vyigenga, asambura amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poolitike, agumiza mu gasho abakiri bato barenga 8 000 biyamirije ikiringo c’umukuru w’igihugu », niko Innocent Muhozi yamenyesheje.

Muhozi yabandanije amenyesha ko iyo mfashanyo ya FNUAP yerekana ko ONU ishaka kubandanya ikorana n’abagirizwa na CPI gukora amabi mu Burundi ‘mu kwitwaza ba ntahonikora kubera ko bavuga ba ntahonikora ku bw’inyungu zabo’. Gushika ubu Ishirahamwe FNUAP ntaco riravuga kuri ivyo vyagiriji.

Recommended for you