Fri. Jan 17th, 2020

ONU yirukanye abasirikare batatu b’abarundi bahora muri Centrafrique

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riheruka gufata ingingo y’ukwirukana intwazangabo zitatu z’Uburundi, mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique. Izo ntwazangabo zirukanwe kubera amakosa y’ubwicanyi mu Burundi zagirizwa.

Abo birukanwe bari barungitswe mu mpera z’umwaka w’2015, mu butumwa bwa MINUSCA bw’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika. Bose uko ari batatu bagirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko bafise uruhara mu bwicanyi bw’abagiye mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA yatanguye mu kwezi kwa kane umwaka w’2015.

rusheshe

Abo basirikare b’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi birukanwe ni Major Pierre Niyonzima, Major Jimmy Rusheshe, hamwe na Major Jean Bosco Mushimantwari.

Tubibutse ko abo basirikare birukanwe muri MINUSCA inyuma ya Colonel Gaspard BARATUZA aheruka gusubizwa inyuma, mu gihe yari yahawe amabanga y’ukuba umuvugizi w’ingabo za MINUSCA ziri muri Centrafrique.