NEWS

ONU Yasubiye Gusaba Ibiganiro hagati ya Leta y’Uburundi n’Abatavuga rumwe nayo.

on

Inama y’umutekano ya ONU yarakoranye ku musi wejo wa gatatu 04 Ndamukiza 2018 yiga ikibazo c’Uburundi. Inama y’umutekano ya ONU ikaba yasubiye gusaba ko hoba ibiganiro bigira ico bivamwo hagati ya leta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo;aho yamenyesheje ko “irajwe ishinga cen” n’uko ibintu vyifashe mu Burundi.

Itangazo ry’inama y’umutekano ya ONU ku burundi ryasohotse ejo ryaremeye imfashanyo kw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryongera rirasaba ibihugu vy’akarere “guhagarika kwisuka na kumwe [mu bijanye n’ikibazo c’Uburundi]”, nk’uko AFP ibishira ahabona.

Iryo tangazo ryavuga ko Inama y’umutekano ya ONU igizwe n’ibihugu 15 “irajwe ishinga cane n’ukuntu ivya politike vyifashe mu Burundi, ukuntu ibiganiro bihuza abarundi bihagarariwe n’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko vyikwega cane, hamwe n’uko leta y’Uburundi idashaka kugira inguvu muri ivyo biganiro”.

Itangazo kandi ryaragarutse ku matora yimirije ya 2020 aho ryavuze ko amakungu yiteze ko ayo matora azoba “mu kuri, ahurikiyemwo bose, aciye mu muco, harimwo abo bose bipfuza kuyagiramwo uruhara,…hamwe no kuraba ko abakeneyezi baserukiwe neza muri ayo matora yose”.

Inama y’umutekano ya ONU kandi yaragaraje ko “ihagaritswe umutima cane n’ukuntu agateka ka zina muntu kabandanya gatituka mu Burundi, mugihe abantu bashika 180 000 bataye bataye izabo baja mu tundi turere mu gihugu hagati, abandi bashika imiliyoni 3,6 bakaba abekeneye imfashanyo yihuta, abandi bashika 430 000 b’impunzi z’Abarundi bahungiye mu bihugu bibanyi barondera ubuhungiro”.

Inama y’umutekano ya ONU ikaba yavuze kandi ko “Uburundi aribwo bubazwa neza ibijanye no kubungabunga umutekano no gukingira abanyagihugu babwo, mu kwubahiriza amategeko mpuzamakungu mu bijanye navyo”. Leta y’Uburundi ikaba yasabwe kandi gusubira gukorana n’amashirahamwe mpuzamkungu, na cane cane ishirahamwe mpuzamkungu ONU.

Recommended for you