Inama nkuru ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU yakuyeho umurwi w-iryo shirahamwe warumaze imyaka 5 ukora amatohoza ku gateka ka zina muntu mu Burundi .
Haciye hagenwa umuhinga yigenga adasanzwe azohora akurikirana ico kibazo. Abatari bake mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi babona ko amakungu ariko araheba uburundi bukebuke. Yamara ku bandi bakorera mu gihugu bobo akamwemwe ni kose. N-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimye yemeza ko iyo mirwi itagikenewe mu gihugu arongoye.
Ingingo ishiraho intumwa idasanzwe izoba ijejwe gukora icegeranyo ku Burundi muri ONU ivuga ko akazi nyamukuru kayo ari : kuba ijisho n-ugutwi kwa ONU kuvyerekeye agateka ka zina muntu , kuba hafi y-amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n-umurwi w-igihugu wigenga ujejwe ivy-agateka ka zina muntu CNIDH.
Tubamenyeshe ko irungikwa ry-iyo ntumwa ije gusubirira umurwi wa ONU warusanzwe ukurikirana ibijanye n-iyubahirizwa ry-agateka ka zina muntu mu Burundi warurongowe na Doudou Diène ryemejwe ku majwi 21 , rihakanwa kurigera kuri 15 n-ayo amajwi 11 ntaco yabivuzeko.