INTERNATIONAL NEWS

ONU Ivuga Ko AMISOM Yobazwa Abana Bakomerekeye Mu Ntambara Muri Somaliya.

on

Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yarasohoye itangazo ku musi wa gatanu itariki 6 Gitugutu 2017, amenyesha ko Umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ujejwe kugarukana amahoro muri Somaliya, AMISOM, ariwo ukwiye kubazwa ivyerekeye ukwicwa canke ukumugazwa kw’abana 42 mu mwaka uheze. Ivyo biraraba Uburundi kubera nabwo bufiseyo abasoda bacungera umutekano muri Somaliya.

Ibitero vy’indege zo mu kirere bikozwe n’abasirikare bo kwivuna abansi ba Kenya vyishe canke bikomeretsa abandi bana 11, niko iyo raporo yongeyeko yiswe “ Children and Armed Conflict”. Uyundi mwana yahitanwye n’igitero co mu kirere cakozwe n’abasirikare ba Leta Zunze Ubumwe muri Somaliya, nkuko bimenyeshwa n’ikinyamakuru Daily Nation.

Muri iyo raporo, Antonio Guterres yamenyesheje ati: “Amasanganya ahitana abana mu ntambara yegekwa kuri AMISOM cane cane mu bikorwa vyo kurwanya aba Alshabab canke biciye ku kurasa abantu mu kivunga basubiza ibitero. Antonio Guterres yamenyesheje ko umuserukizi wiwe muri Somalia, Michael Keating, “yavyuye amakenga ku vyerekeye amakosa akomeye ya AMISOM”.

Iyo raporo kandi yaratunze urutoki ku ngabo z’igihugu ca Somaliya kuba zarishe canke zica ibimuga abana bashika 146 mu mwaka uheze. Igitigiri c’abana bahitanywe n’abana muri Somaliya kiza kivana nimigwi igwaniriza umwansi hamwe ihurikiye muri AMISOM, Ingabo zo kwivuna abansi za Kenya( KDF), Ingabo za Somalia hamwe n’iza Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bose hamwe bagaca baba abana bashika 200 mu mwaka wa 2016 bahitanywe n’izo ntamabara.

Muri iyo raporo harerekanwa ko AMISOM ‘yakoresheje abana 17 banaka muri izo ntambara’. “Ukwo guhonyanaga agateka k’abana nk’ukwo ntikwemewe na gato….kukaba gufise ingaruka mbi ku buzima bw’abana…”, niko Virginia Gamba, umuserukizi wa Antonio Guterres muri Somalia mu bijanye n’igisata c’abana yameneysheje.

Recommended for you