NEWS

ONU Isaba Ishimitse CPI Gutohoza Ku Mabi Yakozwe Mu Burundi.

on

Inyuma yaho Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyeshereje ko rifise ivyemeza bifadika ko hahonyanzwe bimwe vyeruye agateka ka zina muntu mu Burundi, iryo Shirahamwe Mpuzamakungu ryasavye rishimitse Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI gukora amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva Ndamukiza 2015 “vuba bwango”.

Abatohoji ba ONU bakaba basabye bashimitse CPI kuri uyu musi wa mbere itariki 4 Nyakanga 2017 gukora ayo matohoza ku Burundi bidatebaganye.Umugwi ujejwe amatohoza wa ONU uvuga ko ufise “impamvu zumvikana zemeza ko menshi muri ayo mabi yakozwe n’igipolisi,igisirikare, umugwi w’imbonerakure” ;kubwa ONU bifatwa nko “guhonyanga agateka ka zina muntu”.Muri raporo ya mbere uyo mugwi wasohoye wadoma urutoki “abategetsi bo ku rwego rwo hejuru b’Uburundi” muri ayo mabi.

Leta y’Uburundi yari yamenyesheje ku mugaragaro muri ONU ko yafashe ingingo yo kuva muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI itariki 27 Gitugutu 2016.Ukwo kwikura muri CPI kuzoja mu ngiro haheze umwaka habaye iyo ngingo,ni kuvuga itariki 27 Gitugutu 2017; akaba ariho nimiburiburi CPI ifise ububasha bwo gutanguza amatohoza muri iki kiringo gisigaye c’amezi adashika abiri.Ico kiringo kirenganye,Inama y’Umutekano ya ONU niyo ica isigara ifata ingingo.

Ibiri muri ayo matohoza ya ONU biza biva ku ntahe yashinzwe nivyabona birenga 500, benshi muribo bakaba ari impunzi zahunze Uburundi baba mu bindi bihugu nabandi bagumye mu gihugu.Igihugu c’Uburundi kikaba kitemeye ko abatohoji bigenga ba ONU bakora amatohoza ku mugaragaro mu gushika hano mu Burundi.

Recommended for you