Sunday, May 28, 2023
HomeNewsONU isaba amasezerano y’i Arusha ko yokubahirizwa urudome ku rudome’’

ONU isaba amasezerano y’i Arusha ko yokubahirizwa urudome ku rudome’’

Mu rugendo umurwi wa ONU ujejwe amahoro n’umutekano kw’isi bagize mu gihugu c’Uburundi, babonanye n’abatari bake harimwo umukuru w’igihugu, mu nyuma bakaba batanze ikiganiro, ku banditsi n’abamenyeshamakuru.

Muri urwo rugendo bagize ku va mu gatondo ko kuri uyu wa13 Ntwarante gushika ku muhingamo, abo bari muri iyo nama ya ONU, abashoboye kubonana nabo bakaba bashimye imibonano bahawe. Yaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu canke mu biro vy’umukuru w’igihugu, bakaba bashima urwo rugendo, mu gihe hasigaye igihe gito kugira amatora mu Burundi , aho hari na vyinshi bivugwa ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, ndetse hakaba hari n’ abamaze kuvuga ko bazoca bihereza amabarabara, bakiyamiriza ico kiringo, hamwe umukuru w’igihugu yohirahira akitoza.

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rero, bakavuga ko bazoguma hafi y’Uburundi, kandi bagafasha kugira intambwe Uburundi bugezeko mu gutsimbataza amahoro, ntisubire inyuma, ndetse ntihahave haba n’imishamirano, abarundi ngo basubire kuryana, kandi bari bageze ku ntambwe nziza. Francois Delattre aserukira igihugu c’Ubufaransa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yari arongoye abari muri urwo rugendo, akaba yavuze ko amasezerano ya Arusha ategerezwa kubahirizwa urudome ku rundi, mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro mu Burundi. Uwo aserukira igihugu c’Ubufaransa kandi, akavuga ko amatora meza, ataho yegamiye kandi abera ku mugaragaro ariyo bipfuza ko aba mu Burundi.

Ku bijanye n’ivyo hari abatumvikana kuri zimwe mu ngingo zo mu masezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro, aho bamwe bavuga ko umukuru w’igihugu ashobora kwitoza ubugira gatatu, abandi bakavuga ko ibiringo vyiwe bibiri bikwiye, uwuserukira igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika muri ONU Samantha Power, akaba yabariye abamenyeshamakuru ko Reta zunzubumwe z’Amerika zihagaze hahandi, ko atamukuru w’igihugu n’umwe arekuriwe kurenza ibiringo bibiri nk’uko biri mu masezerano y’i Arusha yatumye intambara zari zigisibije mu Burundi zihagarara. Samantha Power ndetse akavuga ko yanavyibaririye n’umukuru w’igihugu. Eka si we gusa, na Ismael Abraão Gaspar Martins aserukira igihugu ca Gabon muri ONU, akaba yasavye umukuru w’igihugu kurya umutima amenyo, afate ingingo ikomeye ku neza y’igihugu.

Tukabamenyesha ko abo bari mu kanama ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano kw’isi, bari babonanye n’abakuru b’imigambwe, urwaruka ruserukira urundi mu migambwe, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, aho nabo nyene ibibazo vyagarutse vyari bijanye ahanini n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, itegurwa ry’amatora babonamwo amahinyu, hamwe n’imyitwarire mibi bagiriza urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, mu banyagihugu.

Must Read