INTERNATIONAL NEWS

ONU Iriko Itohoza Tanzaniya na Uganda Ku Bikorwa Ibi Bihugu Bikorana na Koreya Ya Ruguru.

on

Inyuma yaho Ishirajhamwe Mpuzamakungu ONU rifatiye ibihano bikaze igihugu ca Koreya ya Ruguru kubera inyifato y’ico gihugu yo guhingura ibigwanisho ruhoyanganda, ubu naho iriko igabisha ibihugu bimwe bimwe vya Afrika bikibandanya bikorana ivy’urudabdaza na Koreya ya Ruguru.Ibihugu vya Tanzaniya na Uganda biriko bikorwako amatohhoza yitondewe kubwico kibazo. Igihugu ca Koreya ya Ruguru kirafise ibihugu bitari bike vyo muri Afrika kikibandanya gukorana navyo mu gutuma ubutunzi bwaco bubandanya bwifashe neza.

Ariko rero ONU ivyo ukaba itabishima kubera bituma ibihano ico gihugu ca Koreya ya Ruguru gifatirwa bitaja mu ngiro mu buryo bushitse. Icegeranyo c’abahinga ba ONU casohotse itariki 9 Nyakanga 2017 cerekana ko igihugu ca Tanzaniya kiriko kirakorana imigambi ya gisirikare na Koreya ya Ruguru ituma Koreya ya Ruguru yinjiza imiliyoni nka 13 z’amadolari y’Abanyamareika.

Nkuko ikinyamakuru kimwe Business Daily Afrika kivyerekana, ishirahamwe rya koreya ya ruguru Haegeumgang Trading Corporartion rivugwa ko ririko rirafasha Tanzaniya gusanura no guteza imbere ubuhinga bwa missiles za Tanzaniya zo kwikingira umwansi.

Abo bahinga ba ONU bakavuga ko ‘Tanzaniya itaragira ico ivuze kuri ico cegeranyo’ kandi ko itegerezwa kwisigura kuri ivyo yagirizwa.

Naho igihugu ca Uganda camenyesheje ko gihagaritse gukora imyimenyerezo ya gisirikare na Koreya ya Ruguru mu mwaka uheze wa 2016, abo bahinga ba ONU bamenyesha ko ‘hoba hakiriho iyo myimenyerezo hagati y’igisirikare ca Uganda na Koreya ya Ruguru’. Amatohoza ariko arabandanywa akorwa na ONU ku bihugu nka Angola, RDC, Namibie, Mozambique, Erithrea, Botswana na Mali ku bikorwa vy’imigenderanire bifitaniye na Koreya ya Ruguru.

Ivyo biri uko mu gihe Uwuserukira Leta zunze Ubumwe za Amerika, Nikki Haley, yamenyesheje ko hazofatwa ibihano bikaze ku bihugu vyose bibandanya bikorana urudandazwa na Koreya ya Ruguru.

Recommended for you