NEWS

‘ONU ikwiye kwongereza ikiringo co gutohoza ku Burundi’, HRW niko ivuga

on

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu mw’isi yose, Human Rights Watch(HRW), ryasavye Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, kwongereza ikiringo co gukora amatohoza ku mabi yoba yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.

Iryo shirahamwe riserukirwa na Lewis Mudge mu gice ca Afrika yo hagati no mu Buseruko, rivuga ko habandanije gukorwa amabi mu Burundi akorwa n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi.

Mu cegerenayo giheruka gushirwa ahobona ca wa mugwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi ku wa 4 Nyakanga 2019, haragararagaye ko habaye ubukozei bw’ikibi bukozwe n’umugwi w’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD.

Lewis Mudge aca avuga ko nyabuna ONU yobandanya itohoza amabi yoba ariko akorwa mu Burundi.

Ishirahwme mpuzamakungu ONU rikwiye kwongereza ikiringo co kubandanya rikora amatohoza ku mabi akorwa mu Burundi. Abategetsi b’Uburundi aho guhakana ko ayo mabi akorwa barayirengangiza maze bagasaba bashimitse ko impunzi z’Abarundi zotahuka”, niko Lewis Mudge amenyesha.

Leta y’Uburundi yama yamirira kure ivyegeranyo bishirwa ahobona na Human Rights wach hamwe na wa murwi wa ONU ujewe gukora amatohoza ku Burundi.

Leta y’Uburundi ivuga ko ivyo vyegereganyo bikorwa n'”abakoloni” bigamije gucafuza abategetsi b’Uburundi hamwe no gushaka guhungabanya inzego za leta y’Uburundi.

Recommended for you