Sunday, May 28, 2023
HomeNewsOnesime Nduwimana aratanguye kubona ingaruka z'ukutemera ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu

Onesime Nduwimana aratanguye kubona ingaruka z’ukutemera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu

onesime2708

Ivyo yashikirije ku bijanye n’ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu vyatanguye kumuhagama nkuko twari twababwiye mu makuru yacu aheruka. Onesime Nduwimana ku musi w’Imana yarahagaritswe ku kibuga c’indege agira aje mu rugendo rw’akazi mu bubirigi. Nkuko amakuru adushikira abivuga ngo Onesime yahavuye abazwa umwanya utari muto ku kibuga c’indege imbere y’ugusubizwa inyuma anatswe igitabo ciwe c’inzira gihabwa abategetsi(diplomatic passport).

Ayo makuru nyene tubandanya turonka avuga ko buca ashengezwa imbere ya sentare ijejwe kubaza abarya ibiturire bamwagiriza ko yatunganije nabi amatungo ya SOCABU. Ivyo bikaba bigira bikorwe inyuma yaho akomborewe mu mabanga yo gutwara SOCABU hamwe n’ukuvugira umugambwe CNDD FDD.

Mwokwibuka ko yabaye mu ba mbere batanguye kwiyamiriza ko umukuru w’igihugu yosubira kwitoza ubugira gatatu.

Must Read