INTERNATIONAL NEWS

OMS: Ikiza C’Ingwara Ebola Yateye Muri Republika Iharanira Demokrasi Ya Kongo.

By

on

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya kongo, igihugu gihana urubibe n’igihugu c’Uburundi, Ikiza ca Ebola catangajwe mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Congo, aho yahitanye abantu batatu kuva kw’italiki 22 Ndamukiza. Ivyo vyatangaje ejo hahise ku wa gatanu n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS.

Ku bw’iryo shirahamwe, ico kiza ca Ebola kiri mu karere karimwo ishamba mu ntara ya Bas-Uele, ku rubibe n’igihugu ca Centrafrika. Ubwa nyuma Ebola yiyadukije muri Congo hari mu mwaka w’i 2014. Yararwanijwe ningoga, yamara yahitanye abantu mirongo ine na babiri, mu biharuro vyatangajwe icese.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa RDC bumenyesha ko Abanyagihugu batogira Ubwoba

Umushikiranganji ajejwe amagera y’abantu muri Congo, Oly Ilunga yaremeje ukwiyadukiza gushasha kwa Ebola. Yasavye abanyagihugu kutagira ubwoba.

Yamenyesheje ko Reta yafashe ingingo zikenewe kugira yishure mu buryo bwihutirwa kuri ico kiza ca Ebola gisubiye kwiyadukiza.

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko ririko rikorana n’abategetsi ba Reta ya Congo, kugira barungike ibikoresho n’abakozi bajejwe gufasha guhagarika ningoga ico kiza ca Ebola ciyadukije mu gice kitoroshe gushikamwo.

Recommended for you