INTERNATIONAL NEWS

Omar El-Bechir yarashikanywe mw’ibohero kur’uyu wa gatatu

By

on

Munyuma y’amezi 4 abenegihugu bari mw’ibarabara biyamiriza iduzwa ry’ibifungurwa na cane cane umukate wadugijwe igiciro incuro zitatu nabo bari mu bukene butagira izina, président Omar El-Bechir abarizwa mu gasho kari mu buseruko bw’igisagara Khartoum aho nawe yahora afungira abo batavuga rumwe.


Umwe marabo basirikare bakomboye Omar El-Bechir avuga ko abavukanyi babiri muri batanu ba président Omar El- Bechir bahagaritswe. Bakaba baragwizatunga ku ntwaro ya mwene wabo. Omar El- Bechir akaba yaratwaye imyaka mirongine akaba afise n’umutahe mpuzamakungu wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI ku vyaha vy’ihinyabwoko yagirizwa mu ntara ya Darfour. Iyo sentare ikaba yagumye isaba ko yohagarikwa akabazwa abo bantu bishwe mu gihugu yatwara.

Imyiyerekano ikaba ibandanya abenegihugu bakaba baguma basaba ko botwagwa n’abantu batari abasirikare. Abantu 65 bakaba bamaze gusiga ubuzima muriyo myiyerekano, ivyo ngo aho guca intege abenegihugu bo muri Soudan bibaha inguvu nyinshi. Ubumwe bwa Afrika bukaguma busaba ko intwaro ya Soudan yohabwa abacivil. Uwutwara abasirikare babaye bararongora igihugu, général Abdel Fattah al-Burhane, akaba amaze gufata ingingo zija mu ntumbero yo subiza igihugu bacivil mu kurekura imbohe za politike no guhagarika intambara n’imigwi igwana. Abanyasoudani basaba ko hoshingwa intwaro ya demokarasi aho ivyiyumviro vyabo bishobora kumvikana.

Recommended for you

2 Comments

  1. genesis mining promo codes

    June 29, 2019 at 9:51 am

    wow, awesome blog post.Really looking forward to read more. Really Cool.

  2. Rodolfo Mangione

    July 18, 2019 at 3:10 pm

    Hello, awesome work. I really appeaciate the information you are providing through your site, i have alwasy find it helpful. Keep up the good work.

Leave a Reply

Your email address will not be published.