NEWS

OLUCOME ivuga ku amafaranga leta yategekanije gukoresha yadugijwe cane.

on

Ishirahamwe rijejwe kurwanya kunyuruza amatungo ya leta hamwe no kuyasesagura, OLUCOME, riragira ico rivuze ku kuntu amafaranga leta yategekanije gukoresha mu mwaka wa 2019/2020.

Iryo shirahamwe rirongowe na Gabriel Rufyiri rivuga ko ayo mafaranaga leta yayadugije kandi Abarundi beshi babayeho mu bukene butagira izina.

Hisunzwe ibiharuro vy’Ibanki y’isi yose n’ibanki y’iterambere ya Afrika, ‘ibice bishika ku 72% vy’Abarundi babayeho mu bukene'( aho bakaba bashika ku miliyoni 8 muri 11 ziri mu Burundi).

OLUCOME ikamenyesha ko habaye iyongerekana rinini cane kuva ku miliayaridi 1400 mu mwaka wa 2018/2019 ariko hagaca haba iyongerekana gushika ku miliyarilidi 1500 mu mwaka wa 2019/2020.

Iryo yongerekana ry’imiliyaridi ishika kw’ijana mu mafanraga y’amarundi rikaba ryitezwe kuvanwa mu batanga amakori yegeranywa na ca kigo OBR( igisanzwe gifatwa ko cinjiza ibice birenga 70% vy’amafaranga leta y’Uburundi ikoresha buri mwaka inyuma y’aho abafasha Uburundi bahisemwo gukura meza guhera mu mwaka wa 2015).

OLUCOME ikaba isaba ko nyabuna hoba ibiganiro hagati ya leta y’Uburundi n’abafasha Uburundi kugira harabwe uko imfashanyo zoboneka hama Uburundi bugasubirana.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply