NEWS

OLUCOME Isaba Ko Abaharanira Agateka Ka Zina Muntu Barekurwa.

on

Mw’Itangazo Ishirahamqwe riharanira kurwanya isesagurwa n’inyuruzwa ry”amatungo ya leta, OLUCOME, ryashize ahabona ejo ku wa 9 Ndamukiza 2018, haravugwamo ibijanye n’abantu baharanira agateka kazina muntu bafunzwe,iryo shirahamwe rigasaba ko borekurwa.

Muri iryo tangazo, OLUCOME iravuga bamwe bamwe baharanira agateka ka zina muntu bafunzwe basabirwa kurekurwa bo mu mashirahamwe APRODH, PARCEM BURUNDI na ACAT Burundi bafunzwe bazira ubusa, nk’uko OLUCOME ibivuga.

Ishirahamwe OLUCOME rikaba kandi ryari risanzwe ryibuka imyaka 9 irangiye icegera c’umukuru w’iryo shirahmawe Ernest Manirumva agandaguwe. Gabriel Rufyiri ariyoboye akavuga ko nubu Leta y’Uburundi n’ubutungane butarashaka gukorera ku matohoza yashizwe ahabona na rwa rwego rwa Leta Zunze Ubumwe za Ameria rw’amatohoza, FBI, ku vyerekeye igandagurwa rya Ernest Manirumva

OLUCOME ikamenyesha ko yagumye yibutsa Leta ko yokurikirana iyo dossiye imaze imyaka myinshi ariko atacavuyemwo na gato. Gabriel Rufyiri akamenyesha ko naho nabo baterwa ubwoba batazotezura bazobandanya bakora nk’uko bisanzwe mu kubandanya bashira ahabona ibitagenda neza.

Recommended for you