NEWS

OLUCOME Isaba Ikurwa Mu mabanga Ry’Icegera Ca Kabiri c’Umukuru w’Igihugu Hamwe n’Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu.

on

Mw’itangazo ishirahamwe rijejwe kurwanya ibiturire n’inyuruzwa ry’amatunga ya leta OLUCOME yasohoye ejo ku musi wa gatatu itariki 18 gitugutu 2017, iryo Shirahamwee rirongowe na Gabriel Rufyiri risaba umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza gukura mu mabanga bidatebaganye Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu(Joseph Butore), umushikiranganji w’amagara y’abantu( Josiane Nijimbere) hamwe n’abagize umurwi w’igihugu ujejwe kwihweza ivy’amatongo mu Burundi.

Ku bwa OLUCOME, ugukomborwa mu mabanga kwabo bantu kuzofasha kugira hakosorwe « amakosa akomeye bakoze mu bijanye no gukoresha nabi amahera y’ikigega c’isi yose »( Fonds mondial ). Ico gisabo ca OLUCOME kije inyuma y’ikete Ibanki y’isi yose yandikiye umushikiranganji w’amagara y’abantu, haraheze imisi, kugira imumenyeshe ko ata buryo buzosubira guhabwa Uburundi bivanye n’ugusesagura ubutunzi bwa Fonds Mondial kubera isesagurwa ry’uburyo ryabaye mu 2016.

Ku bwa OLUCOME, ishirwa mu ngiro ry’imigambi yari itegekanijwe gukorwa bivanye n’uburyo bwari buhari ryaranzwe n’ibiturire hamwe no kunyonora ubutunzi bwa Leta.


« Amasoko yahawe abantu bafise ivyo baterera mu mugambwe uri ku butegetsi ku ruhande rumwe, hamwe n’abandi bantu baboneka hatubahirijwe ingingo ngenderwako zoguhiganirwa amasoko hamwe n’umuco wavyo », niko Gabriel Rufyiri yamenyesheje.

Ku bwa OLUCOME, harakenwe ingingo zihuta kugira hahagarikwe amasoko yatanzwe mu buryo budahuje n’amategeko. OLUCOME ibona ko Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Josiane Nijimbere, akwiye kwishura ibibazo imbere y’Inama Nshingamateka ku bijanye niryo sesagurwa ry’uburyo bw’igihugu.

Kubera ko imfashanyo y’uburundi yari iyo kurwanya Sida, Malaria hamwe n’izindi ngwara itakoreshejwe neza, iryo shirahamwe ribona ko hanyuma iyo mfashanyo y’ikigega c’isi yose yoza iraca muri PNUD( Ishirahamqwe rya ONU rijjewe ivyo kwiteza imbere).

Recommended for you