NEWS

OLUCOME iranegura Leta ku mafaranga izokoresha mu 2019/2020.

on

Mw’itangazo Ishirahamwe rijejwe kurinda isesagurwa ry’amatungo ya leta no kuyanyonora, OLUCOME rirongowe na Gabriel Rufyiri, iryo shirahamwe riribaza impamvu Leta y’Uburundi yoduza amafaraga izokoresha mu mwaka wa 2019/2020.

OLUCOME isanga ari ‘poropagande ya politike ya leta y’Uburundi’ ukuntu baduza amafaranga gushika ku yarenga imiliyaridi 1500 mu mwaka wa 2019/2020 mu gihe abanyagihugu b’Uburundi barembejewe n’ubukene  butagira izina.

“Ni impamvu nyabaki yotuma leta iduza amafaranga akoreshwa mu gihe abanyagihugu baremebejwe n’ubukene  butagira izina kandi hariho abicaye aho bihereza ivyo bashatse?”, niko OLUCOME ibaza.

OLUCOME ica igaruka kw’iyongerezwa ry’ayo mafaranga leta izokoresha maze igaca ivuga ko ibice 8,2% bizova mu banyagihugu bazobwirizwa kuriha amakori yumurengera.

Inama Nshingamateka ikaba ariyo yemejeje iyo nteguro y’amafaranga leta izokoresha ku mu mwaka wa 2019/2020 yateguwe na Domitien Ndihokubwayo w’Ubushikiranganji bw’ikigega ca leta.

 

Recommended for you