Thursday, June 8, 2023
HomeNewsNyuma yo kuvuga ukuri ariko bakamufunga , Mbonimpa avuga ko yiteguriye gutanga...

Nyuma yo kuvuga ukuri ariko bakamufunga , Mbonimpa avuga ko yiteguriye gutanga ivyemeza vyose vy’ivyo yashikirije

Petero Kaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH amenyesha ko yiteguriye gutanga ivyemeza vyose ku makuru yatanze ku bijanye n’urwaruka rw’abarundi rujanwa mu myimenyerezo ya gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Umukuru w’ishirahamwe APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe arakwije ukwezi kwose apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Yahagaritswe kw’itegeko rya Salvator Ndayiziga, batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura. Petero Karaveri Mbonimpa yagirizwa icaha c’uguhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bamenyesha ko yiteguriye gutanga ivyemeza vyose ko amakuru yatanze ariyo, ahubwo bagasaba ubutungane ko bwonyarutsa gushinga isango y’intahe y’icese, kugira abarundi n’amakungu bashobore kumenya ukuri ku vyavuzwe ko hari itangwa ry’ibirwanisho, hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare ikorwa n’abarundi ku butaka bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, i Kiliba Ondes.

Tubibutse ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yahamagariye abarundi kugira urugendo rw’amahoro ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2014. Aho akaba ari mu ntumbero yo gusaba irekurwa ry’umukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri MBONIMPA. Ayo mashirahamwe amenyesha ko uko amategeko agenga imyiyerekano n’amanama atunganijwe, urugendo bararumenyesha gusa. Ivyo rero bakaba barabikoze, bararumenyesheje mu rwandiko barungikiye Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri ayo mashirahamwe bakizera ko umushikiranganji Edouard Nduwimana atazohava ababuza urwo rugendo, nk’uko vyakozwe na Juma Saidi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura ku rugendo bari bateguye kuri uwu wa mbere, ariko uwo arongoye igisagara ca Bujumbura akarusivya.

Sources : Igihe Burundi

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...