NEWS

Nyuma yo kuronderwa n’imigwi myinshi,umukinyi Mavugo Laudit ntakivuye muri Vitalo’o fc.

By

on

Umusatirizi w’umugwi wa Vitalo’o fc Mavugo Laudit ntakivuye mu mugwi wa Vitalo’o nkuko benshi bari bamaze iminsi bavyibaza ko ashobora kuwuvamwo akerekeza mu yindi migwi yo murika karere yariko iramurondera ari myinshi cane.

logol

Mu kiganiro ikinyamakuru canyu ubmnews caraye kigiranye nuyo mukinyi akaba yatumenyesheje ko uyu mwaka azokinira umugwi wa Vitalo;o fc kuko amasezerano yiwe afitaniye nuyo mugwi atararangarira ariko akamenyesha ko imigwi yari mukeneye yari myinshi cane kandi imwe namahera yari yamaze kuyatanga.
laudit

Mavugo Laudit akaba ariwe mukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa riheruka kurangira aho yatsinze ibitsindo 32 akaba kandi ari nawe yatowe nk’umukinyi mwiza(meilleur joueur)aho yashoboye kurusha abakinyi nka Abbass Nshimirimana na Shassir Nahimana.